wex24news

Burundi:Mu bice bitandukanye vyigihugu,Haguma Hatorwa Abantu Bishwe Bunyamaswa.

Akarorero ka hafi nako muri Komine n’Intara ya Rumonge aho kumunsi wambere igenekerezo rya 22/04/2024 mugihe ca 15h hatowe ikiziga c, umuntu w’umugabo muruzi murembwe,rwa komine Rumonge, bivugwa ko nyakwigendera yoba afise imyaka iri hagati ya 45 ans na 50 ans.

Nkuko isoko rya Rwandatribune.com  riri murako gace rikura amakuru mubanyagihugu,ritumenyesha ko ico kiziga cakuwe mururwo ruzi,naba polisi cononekaye cane, kuburyo umwidondora wiwe utashoboye kumenyekana eka nimvo zoba zatumye agandagurwa bunyamaswa nazo zitigeze zimenyekana.

Akandi karorero n’ikindi kiziga cumugabo catowe mugatondo kejo kumunsi wakabiri igenekerezo rya 23/04/2024 kumutumba wa korane wa komine Giheta iri muntara ya Gitega.

Ayo makuru aranemezwa n’umunyamabanga ntayegayezwa wa komine Giheta, Fidèle Nizigiyimana, akongera akamenyesha ko ico kiziga bagisanze kimanitse kugiti kibohesheje umugozi w’umusegetera..

Uwo muhisi nawe nyene bavuga ko hatashoboye kumenyekana umwidondora wiwe,kuko basanze atakimuranga nakimwe afise.

Uwo muhisi nawe bivugwa ko yoba afise imyaka iri hagati ya 40 ans na 45 ans, eka ngo nawe icatumye agandagurwa bunyamaswa be nabamwishe, atanakimwe kiramenyekana,,,eka atanamatohoza arakorwa.

Igitangaje n’uko hama haca hihutirwa igikorwa co gushingura abo baba batowe bapfuye n’indongozi, atanamatohoza kubijanye n’ubwo bw’icanyi ndengakamere bwirirwa buba akozwe.

Abanyagihugu bakaba babandanya basaba leta ko ubwo bw’icanyi ndengakamere bw’isasiye indava mugihugu cose bwohagarara kuko amazi yamaze kurenga inkombe.

Leave a Comment

Your email address will not be published. Required fields are marked *